Русские видео

Сейчас в тренде

Иностранные видео


Скачать с ютуб Ufise Passeport yu Burundi ushobora kuja mubihugu 49 ata VISA usabwe в хорошем качестве

Ufise Passeport yu Burundi ushobora kuja mubihugu 49 ata VISA usabwe 1 год назад


Если кнопки скачивания не загрузились НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу страницы.
Спасибо за использование сервиса savevideohd.ru



Ufise Passeport yu Burundi ushobora kuja mubihugu 49 ata VISA usabwe

🔴 Igikorwa c'umushikiranganji Albert Shingiro Ikibazo c'abarundi mu ngendo mu mahanga kiraba umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu. Kuba dufise ibihugu bike umurundi ashobora kwinjiramwo adasavye Viza biva ku mwitwarariko muke ubushikiranganji bw'imigenderanire bufise ku barundi bari hanze. Kuva twikukira abashikiranganji b'imigenderanire bitwararika ibijanye n'imigenderanire y'amaLeta, ibijanye n'ukurondera amafaranga yo gufasha Leta, ntibibuka ibibazo abarundi bagira mu mahanga. N'iyo basavye ko pasiporo y'Uburundi yinjira itagira Viza kenshi babikorera pasiporo z'abakuru (passeport diplomatique) be n'iz'intumwa za Leta (passeport de service). Abanyagihugu n'abashingamateka barakwiriye gukurikirana ingene ubushikiranganji bw'imigenderanire bugwanira abarundi mu mahanga. Kenshi umurundi ageze hanze yisanga umengo ntagira igihugu avamwo kimunezwe. Abaserukira Uburundi mu mahanga umengo ntibazi ko muvyo bajejwe harimwo kugwanira inyungu z'abarundi bari hanze. Ni vyiza ko kira mwaka, umushikiranganji w'imigenderanire yoza aratangaza ingene yadugije inguvu za pasiporo y'Uburundi. Kimwe mu bikwiriye gukorwa, harimwo kugabanya igiciro ca pasiporo y'Uburundi, harimwo ko pasiporo ihinduka uburenganzira bwuzuye bw'umurundi wese, yaba uwukundwa n'ubutegetsi canke uwankwa n'ubutegetsi, harimwo kworosha ingene umurundi aronka pasiporo yiwe, harimwo rero n'ukwongereza ubushobozi bwa pasiporo y'Uburundi. Niyo Albert Shingiro yakora kuri ivyo bibazo, azosiga izina rikomeye mu mateka y'Uburundi. ----------------------------------------- Urutonde rw'ibihugu umurundi adasabwa Viza : Barbade, Bénin, Centrafrika, Dominique, Équateur, Gambia, Haïti, Kenya, Île Maurice, Micronésie, Niue, Philippines, Rwanda, Sénégal, Singapour, Serbia (aha biherutse guhinduka ku bakoresha pasiporo isanzwe), Saint-Vincent-et-les-Grenadines, Ouganda. Urutonde rw'ibihugu umurundi ashika ahabwa Viza abigezemwo : Bangladesh, Bolivie, Cambodge, Cap-Vert, Comores, Ghana, Guinée-Bissau, Macao, Maldives, Mauritania, Mozambique, Namibia, Népal, Nicaragua, Nigeria, Palau, Sainte-Lucie, Samoa, Seychelles, Somalia, Tanzania, Togo, Tuvalu, Zambia, Zimbabwe.#Inyigisho #zingonimiryango

Comments